Kuva mu mpera z-ukwezi kwa Nzero 2022, hamaze kuboneka ibiziga mirongo ibiri vy’abantu bambaye impuzu z-igisirikare c-uburundi bireremba hejuru mu mazi y-uruzi Rusizi, Nkuko vyemezwa n-abanyagihugu baba ku mitumba itandukanye igize intara ya Cibitoke isanzwe ihana urubibe n-igihugu kibanyi ca Congo.
Amakuru aturuka mu gisirikare c-uburundi amenyesha ko bagenzi babo batwawe n-uruzi Rusizi igihe bariko bahamvya abasirikare b-uburundi bamaze ukwezi kurenga muri Congo gutuza imihari y-abarwanyi irwanya Leta y-uburundi ituye mu buseruko bw-ico gihugu.
Kubw-amakuru atangwa n-ikimenyeshamakuru Sos Médias Burundi, nuko kw-igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2022, abasirikare batandatu basomye nturi batwawe n-uruzi Rusizi (maze ibiziga vyabo bibonwa n-abanyagihugu bo muri komine Rugombo , umutumba kagazi) bukeye kuwa gatatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2022 biriko bireremba ku ruzi Rusizi.
Ayo makuru nyene ya Sos Médias Burundi abandanya amenyesha ko kuwa 30 Nzero, ibindi biziga vy-abasirikare b-uburundi bigera kuri cenda barapfuye mw-ubwo buryo nyene. Bikaba vyabereye kw-ibarabara rya gatandatu riri ku musozi wa Kaburantwa muri komine Buganda.
Ibindi biziga vy-abasirikare b-uburundi bitanu vyaratowe mw-iyo komine ya Buganda kw-ibarabara rya kane ku musozi wa Nyamitanga, aho hari ku misi ya mbere, ya kabiri no kuwa gatatu nkuko bivurwa n-abanyagihugu bavyiboneye. Amazina y-abo basirikare batanu bapfuye akaba amaze kumenyekana, abo nabo ni : Caporal Chef Sinzinkayo Jean de Dieu, Caporal Nduwimana Aron, 2ème classe Ndayikejimana Alexis, Adjudant-Chef Nkeshimana Emmanuel hamwe na 2ème classe Harerimana Jean-Claude. Ibiro bikuru vya gisirikare bimenyesha ko abo basirikare bapfuye batwawe n-uruzi Rusizi igihe bari mu bwato bwa gisirikare ariko ntibamenyesha ico bariko bakora mw-ayo mazi y-uruzi Rusizi.