Wednesday, November 30, 2022
HomeUmutekanoAbasirikare b’uburundi bari muri Congo bariko bongerezwa kuko umwansi bahanganye basanze afise...

Abasirikare b’uburundi bari muri Congo bariko bongerezwa kuko umwansi bahanganye basanze afise inguvu.

Abasirikare b’uburundi bari mu gihugu ca Congo mu ntara ya Kivu y’ubumanuko bariko barongerezwa bimwe mu bituma vyasiguriwe abasirikare bariko bararungikwayo gusanga abandi ni uko umwansi bahanganye basanze afise inguvu zikenera abasirikare benshi.

Abo basirikare b’uburundi barungitswe kwongerereza abandi bagenzi babo basanzwe bari mu ntara ya Kivu y’ubumanuko benshi bakuwe mu karere ka kabiri ka gisirikare . Amakuru atangwa n’amasoko yo mu gisirikare avuga ko imbere yuko bajabukanwa mu gihugu ca Congo babanje kubagombora mu birindiro barimwo aho bagombowe n’abasirikare bari bitegurira kuja mu gihugu ca Centrafrika mu rwego rwa MINUSCA.
Amakuru ava aho muri Congo avuga ko Abasirikare b’uburundi bari mw’ico gihugu haraciye amezi atatu, batorohewe kuko bamaze igihe batana mu mitwe n’umuhari RED-TABARA hamwe na FNL ya Aloys Nzabampema. Bamwe mw’abo basirikare bakaba barahasize ubuzima , abandi barakomereka kandi bikomeye. Mu basirikare bakomeretse kandi bikomeye harimwo Lt.Colonel Ildephonse Baanyikwa yari yagiye arongoye abo basirikare .

Izo ntambara bamazemwo imisi akaba arizo zatumye basaba abandi basirikare baje ku bafasha ivyo bita “renfort” mu rurimi rw’igifaransa. Abo basirikare baja gufasha bakaba bamaze gushika aho muri Congo, Abandi bikavugwa ko bari mu myiteguro yo kuja kujabuka.
Ingabo z’uburundi ziri muri Congo zongererejwe igitigiri mu gihe izo mu gihugu ca Kenya zo mu karere ka EAC nazo zaraye zishitse mu gisagara ca Goma ku murwa mukuru w’intara ya Kivu y’uburaruko, Aho mw’iyo ntara ya Kivu y’uburaruko hamaze imisi haba imirwano ikomeye ihuza ingabo za Leta ya Congo hamwe n’umuhari M23.

Must Read