Thursday, June 8, 2023
HomeUmutekanoAbasirikare b’uburundi barenga ibatayo zitatu bariko bategurwa kugira bajanwe mu butumwa bw’inteko...

Abasirikare b’uburundi barenga ibatayo zitatu bariko bategurwa kugira bajanwe mu butumwa bw’inteko z’akarere ka EAC muri Congo.

Abasirikare barenga ibatayo zitatu bariko barategurwa mu kibanza co ku Mudubugu , mu ntara ya Bubanza kugira bazojanwe mu butumwa bw’inteko z’akarere ka Afrika y’ubuseruko zigarukane umutekano mu buseruko bwa Congo mu ntara ya kivu y’uburaruko. Abo basirikare bakaba bakuwe mu makambi atandukanye harimwo n’abahora bakorera mw’ishamba rya Kibira mu ntara ya Cibitoke.

Abasirikare b’uburundi bazorungikwa mu buseruko bw’igihugu ca Congo mu ntara ya kivu y’uburaruko nkuko vyumvikanywe mu nama y’abarongoye ibiro bikuru vya gisirikare vy’ibihugu bigize akarere ka EAC yabereye mu gisagara ca Nairobi mu gihugu ca Kenya hari mu ntango z’uku kwezi kwa Ruhuhuma 2023. Amakuru ava mu gisirikare c’uburundi, nuko abo basirikare bazoba bagizwe na brigade imwe irimwo ama batayo arenga atatu. Abasirikare bamaze kwegeranirizwa ku Mudubugu bakaba ari abo muri batayo ya 221, iya 422, iya 64 ya ATMIS hamwe n’abasirikare bagera ku ma 200 bazova muri batayo police-militaire.

Abo basirikare bamaze kwegeranywa bavuga ko batazi neza iyo bagiye kujanwa hamwe n’ibikorwa bazoja gukora. Bakongera bakavuga ko vyoba vyagizwe ibanga kugira ntihagire uwotoroka canke ngo yiyonjorore mw’ivyo bikorwa bagire bajanemwo.

Tubamenyeshe ko abasirikare b’uburundi bazojanwa mu burere bwa Sake, kilorirwe na kitshanga muri teritware ya Masisi mu ntara ya kivu y’uburaruko nkuko biri mu rwandiko rusozera inama y’abakuru b’ibiro vya gisirikare vy’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...