Thursday, December 1, 2022
HomeUmutekanoAbasirikare b'uburundi bagiye kurungikwa muri Congo mu rwego rw'ingabo za EAC.

Abasirikare b’uburundi bagiye kurungikwa muri Congo mu rwego rw’ingabo za EAC.

Leta y’uburundi imenyesha ko igiye kurungika abasirikare bayo kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bwa republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abo basirikare bakaba bagiye kurungikwa mw’ico gihugu mu rwego rw’akarere ka afrika y’ubuseruko. Bikaba vyatangajwe kuri uyu wa kabiri n’umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano hari mu ntara ya Rumonge (mu bumanuko bw’uburundi).

Pierre-Claver Nzisabira asigura ko abasirikare bamaze kurungikwa muri Congo bari mu rwego rw’ugufashanya hagati y’uburundi n’igihugu ca Congo. Uwo munyamabanga agahanura abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge muri rusangi kurikanura kugira ntihabe abova muri Congo ngo baze kudurumbanya umutekano w’igihugu c’uburundi.

Tubibutse ko Igisirikare c’uburundi kiri mu gihugu ca Congo ku mugaragaro kuva kuwa 15 Myandagaro 2022 mu ntumbero y’imigenderanire hagati vy’ivyo bihugu bibiri hisunzwe ivyo abategetsi b’uburundi bavuga. Ariko kiri mu kinyegero mu bumanuko bw’intara ya Kivu kuva muri kigarama 2021 gifashanijwe n’imbonerakure , ivyo uburundi bwagumye buhakana ko atangabo zabwo ziri muri Congo.

Must Read