NEWS

Abasirikare Batatu B’Abarundi Bahasize Ubuzima, Abandi Indwi Barakomereka.

on

Abasirikare batatu b’Abarundi barapfuye hamwe n’abandi indwi bakomeretse mu gitero cakozwe n’aba Al shabab ku nteko za AMISOM zijejwe gucungera umutekano muri Somaliya. Muri izo nteko za AMISOM hasanzwe harimwo n’abasirikare b’Abarundi bagiyeyo kugarukana amahoro.

Ico gitero cemerwa ko cakozwe na Al Shabab cabereye ku bilometero 90 uvuye i Mogadishu. Abandi basirikare bane bakaba baraburiwe irengero, nk’uko umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yabimeyesheje.

Naho ONU imenyesha ko izo nteko za AMISOM zovanwa muri ico gihugu ca Somalia, biramaze kugarahara ko igisirikare ca Somaliya kitarakomera neza ataco coshikako kubera ibitero vya Al Shabab vyoca bitsimbatara.

Ibitero vya Al Shabab ku nteko za AMISOM biramaze guhekura abasirikare b’Uburundi batari bake kuva mu mwaka wa 2007 izo ngabo za AMISOM zitanguye umugambi wo kugarukaa amahoro mw’ico gihugu ca Somaliya.

Recommended for you