NEWS

Abasirikare bakuru bafashwe bapfungiwe mu mabohero ane atandukanye

By

on

Abasirikare bane bahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi bari bafashwe mu gatondo ko munsi wa gatandatu w’indwi twaraye dusozereye bapfungiwe mu mabohero ane nyene ari mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi. Abo basirikare bungururijwe muri ayo mabohero ku mugoroba wo kuri uwo munsi wa gatandatu, inyuma y’umunsi wose bamaze bariko barunvirizwa muri Parake nkuru ya Repuburika y’Uburundi.

Nk’uko imiryango yabo ivyemeza, Général Célestin Ndayisaba batazira Kibadashi yungururijwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya, Colonel Gabriel Gunungu atwarwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, mu gihe Colonel Anicet Nahigombeye yajanwe gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Muyinga, Colonel Laurent Niyonkuru nawe yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Nk’uko vyashikirijwe kuri uwu wa gatandatu na Sylvere NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, abo bahoze ari abasirikare bakuru b’Uburundi uko ari bane bose bagirizwa ko bari mu bateguye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, mu mwaka w’1993.

Recommended for you