Sunday, January 29, 2023
HomeUbutunziAbasirikare baja kugarukana amahoro muri Somaliya bashavujwe n’uko batararonswa imishara.

Abasirikare baja kugarukana amahoro muri Somaliya bashavujwe n’uko batararonswa imishara.

Abasirikare b’abarundi bari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya co kimwe n’abaherutse kugomborwa basaba kuronswa agahembo kabo . Bamwe muri bo baheruka kugomborwa baheraniwe amezi cumi na kumwe abandi umwaka wose kuko ata n’igiceri bigenze baronka mu gihe n’abamazeyo amezi atandatu nabonyene ata cizere bafise mukuronswa agahembo kabo ubu bwa vuba.

Abo basirikare b’abarundi basaba kuronswa agahembo kabo bari mu mice ibiri. Umuce wa mbere ni uw’abasirikare bariko bagomborwa bari bamazeyo umwaka muri somaliya bagizwe na batayo zitatu arizo:batayo ya 62, 63 na 64. Umuce wa kabiri ni abasirikare bamazeyo amezi atandatu bagizwe na batayo ya 65 na 66.

Muri abo bariko batahuka mu gihugu bamwe nta n’igiceri bigeze baronka mu kiringo c’umwaka bari bamazeyo Abandi bakaba bahawe ukwezi kumwe. Bavuga ko bakiri muri ubwo butumwa bw’akazi babwiwe ko agahembo kabo bazokaronswa mu gihugu yamara ngo rwabaye uruhendo kuko abashitse ubwa mbere co kimwe n’ababakwirikiye ata numwe araronswa igiceri. Abo muri batayo zashitse ubwa mbere bahawe imisi cumi n’itanu y’ikonji ariko Babura ico bashira imiryango yabo , Ababarongoye babategeka gukora ivy bita kw’iyaranja ariko guca bahitamwo gusaba ideni muri banki ya gisirikare CECADM ariko ngo ayo mahirwe si benshi bayaronkejwe nkuko bivurwa n’umwe mu basirikare ari mw’abo batarahembwa atashimye kwivuga izina ryiwe ku mvo z’umutekano wiwe.

Abasigaye mw’ubwo butumwa bo muri batayo ya 65 na 66 nabone bavuga ko bugarijwe n’ubukene kuko ata kwezi na kumwe baronse mu mezi atandatu bahamaze. Bakemeza ko ibirato vyabashiriyeko , ata sabuni, ata n’umuti wokwoza amenyo baronka vyoroshe .

Abo basirikare bafise amakenga ko imishahara yabo iriko ikoreshwa mu rudandazwa na bamwe mu bihangange vyo mu butegetsi kuko bagenzi babo bo mu bindi bihugu vyagiye kugarukana amahoro muri Somaliya bahembwa ukwo ukwezi gutashe ata nkomanzi.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....