Abasirikare b’Abarundi muri Somalia baronkejwe ibiduga vy’ingwano bikomeye cane vyo mu bwoko bwa vya bimodoka vy’ingwano bidatoborwa n’amasasu.
Ivyo bimodoka bikaba vyakomanzwe n’Uburundi biciye ku bushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Burundi biva mu gihugu ca Emirats Arabe Unis.
Ivyo biduga bikaba bihingura n’ikompanyi yitwa MSPV – Armoured Vehicles, Bulletproof SUV, APC ryo muri Emirats Arabes Unis.
Ivyo biduga vya gisirikare bihawe abasirikare b’Abarundi bari muri Somalia mu gihe hari hari ubukene bw’ibikoresho vya gisirikare ku basirikare b’Abarundi muri AMISOM.
Hakaba hari nayandi makuru yari yavuze ko ukuba abasirikare b’Abarundi bakarirwa cane no kwicwa mu bitero vya Al Shabaab ari uko batari bafise ibirwanisho nk’ibi vyo mu buryo bugezweho vyo kwikinga no kurwanya umwansi.
MSPV manufacturing #ArmouredVehicles to meet the demand of #Burundi Ministry of Defense #MOD of #ArmoredVehicles which offer appropriate #protection for the crew in line with the threat faced. https://t.co/4irvwydkmL #ArmouredVehiclesBurundi #ArmoredVehiclesBurundi pic.twitter.com/7fPAr7YNjx
— MSPV – Armoured Vehicles, Bulletproof SUV, APC (@minervaspv) November 6, 2019