NEWS

Abasirikare b’abarundi bari mu Kibira boba baranyitse kur’uyu wagatandatu

By

on

Abo basirikare bari kw’ipozisiyo iri ku nkengera z’ikibira mu ntara ya Bubanza muri komine Mabayi bakaba barabuzwe irengero nkuko bivugwa n’amakuru amwamwe aca k’urubuga ngurukana bumenyi. Abenegihugu begereye aho hantu bakaba batekewe n’ubwoba.

Bikaba bitaramenyekana ko bishwe canke binjiye ikibira nabo. Abenegihugu begerey’aho bakavuga kw’atarwamo rw’amasasu bumvise. Abo basirikira bakaba banyitse n’amaradiyo yabo n’ibigwanisho bagendana. Umuvugizi w’igisirikare akaba ataco arabivugako.

Amakuru ava ku mbuga ngurukana bumenyi akavuga ko ari igitero c’umuhari Red Tabara ugwanya biciye mu ntambara leta ya Gitega ariko uwo muhari ukaba ataco urabivugako kumbuga ngurukana bumenyi wabwo. Hakaba havugwa vyinshi mur’iryo shamba rinini rya Kibira aho havugwa ko hari abitwaje ibigwanisho b’abarundi n’abanyarwanda bahakirimbira mu nyuma yaho birukaniwe mu gihugu ca Congo.

Recommended for you