NEWS

Abasirikare b’Abarundi 600 muri Somalia ‘babuze ayo bacira n’ayo bamira’.

on

Inyuma y’aho Uburundi bwemeye ko abasirikare  bashika 400 batahukanwa mu Burundi kuva ku wa 21 Ruhuhuma 2019, ubu hoho leta y’Uburundi isa niyahakanye ko abandi 600  bakwiza igihumbi batavayo muri Somalia.

Ariko rero, Ubumwe bwa Afrika na ONU bategetse ko abo basirikare bategerezwa kuba bavuye muri Somlia gushika uyu musi wa 28 Ruhuhuma 2019.

Bamwe mu basirikare 600 basigaye basa n’ababujijwe n’itegeko rivuye i Bujumbura ryo kutaja ku kibuga c’indege kugira batahukanwe mu Burundi babona ko bashobora kuja mu kaga, kandi ko batagira ayo bacira n’ayo bamira, batabona uko bagiye kubigenza.

Amakuru amwe avuga ko guhera ejo itariki 1 Ntwarante 2019, abo basirikare b’Abarundi 600 bazoca bimenya hamwe na leta y’Uburundi ukuntu bazofashwa haba mu gufungura n’ibindi kubera batazoba bakirabwa na AMISOM Somalia.

Leta y’i Bujumbura ikaba isaba ko haba inama idasanzwe kugira harabwe icokorwa ku vyerekeye ukwo gukura abasirikare b’ Abarundi muri Somalia.

Ariko biragaragara ko Ubumwe bwa Afrika ata guhindura umugambi wo gutahukana abasirikare b’Abarundi 1000 gushika ku wa 28 Ruhuhuma 2019.

 

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.