NEWS

Abasirikare ba AMISOM bagirizwa kwica abantu bane muri Somalia.

on

Abanyagihugu bo muri Somalia bagiriza ingabo z’Abarundi zagiye gucungera umutekano mu gihugu ca Somalia mu gwego rwa AMISOM kurasa bakica anayagihugu bane b’abanyasomalia kandi babasivile ejo ku musi wa kabiri.

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru The Defense Post, ivyabona babonye ivyabaye bamenyesheje ko izo ngabo za AMISOM zishe abo banyagihugu ku wa 6 Munyonyo 2018 ku murwa mukuru Mogadishiu, inyuma y’aho barasiye bamaze kubona ko imodoka yabo yatezwe ikibombe mwibarabara.

Abashika batandatu bakaba barashikiwe n’ingaruka mbi z’iryo sanganya, nk’uko inkuru ya Goobjoog News ibimenyesha, iyimenyesheja ivyo abanyagihugu baho muri Somalia bamenyesheje.

N’aho AMISOM yameneysheje ko iyo sanaganya yabaye aho batezwe ikibombe mw’ibarabara, ntibigezwe bavuga ivyo kurasa abo banyagihugu.

Abanyagihugu baho muri Somalila bakaba baciye bihereza amabarabara mu guturira amapine biyamiriza izo mpfu, niko The Defense Post imenyesha.

Umwe mu babuze uwiwe yamenyesheje ati: “Izi nzirakarengane zishwe n’abasoda b’Abarundi ata mpamvu itanzwe kandi dusaba ko Leta yokwifatira mu minwe kino kibazo”.

Recommended for you