Tuesday, February 7, 2023
HomeInternational newsAbasirikare b-uburusiya bari muri Ukraine bariko bahura n-ibibazo vyo kudahana neza amakuru...

Abasirikare b-uburusiya bari muri Ukraine bariko bahura n-ibibazo vyo kudahana neza amakuru ku rugamba no kubura imfungurwa (Pentagone)

Igisirikare ca Ukraine gihaye gifata bumwe mu burere bwari bwiganziwe n-igisirikare c-uburusiya aha twovuga nko mu gisagara ca Mykolaïv, kiri mu bumanuko bwa Ukraine hamwe n-ikindi gisagara cegereye umurwa mukuru wa Kiev. Nkuko vyatangajwe kuri uyu wa kabiri  n-ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Leta Zunze ubumwe za Amerika, Abasirikare b-uburusiya bari kurwana mu Ukraine bariko bahura n-ibibazo bitandukanye: Kubura ibifungurwa, ibitoro, kutavugana ngo bumvikane n-ingabo zirwanira mu kirere hamwe n-izo hasi.Le président ukrainien Volodymyr Zelensky a assisté à des manoeuvres près de Rivné.

Umuvugizi w-ubushikirakanganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, John Kirby amenyesha ko ubu igisirikare ca Ukraine kiriko kirivuna mu buryo buboneka ibitero vy-ingabo z-uburusiya. «Twarabonye ko hariko haba ukutumvikana hagati y-ingabo z-uburusiya zirwanira mu kirere n-izo hasi . Eka ndetse n-izirwanira mu mazi  nikwo kuko. Barafise ikibazo ca komandema ndetse no gusuzuma ingabo». Niko John Kirby yabwiye ikinyamakuru CNN .Kirby arongerako ati : «Hatayeko kandi ikindi kibazo kijanye no kubura igitoro Ca essence hamwe n-ibifungurwa»

Abakwirikiranira hagufi iyo ntambara iriko ihuza Ukraine n-uburusiya babona ko uburusiya buriko buhahombera vyinshi bakabivuga bafatiye ku bihano bikaze  vy-ubutunzi n-ivya diporomasi uburusiya bwafatiwe n-ibihugu vya buraya hamwe na Leta Zunze ubumwe za Amerika hamwe rero n-ibijanye n-abasirikare  batari bake bariko basiga ubuzima mw-iyo ntambara. Ibishobora gutuma uburusiya bwikora ku birwanisho ruhonyanganda  vya nikereyeri mu ntumbero yo guhangana n-ukwihagararako kw-ingabo za Ukraine  mu bisagara vya Kiev na Marioupol.

Must Read