NEWS

Abasirikare 600 b’Abarundi bazotahanwa vuba bava Somalia.

on

Mu kiganiro n’abavugizi b’inzego z’Uburundi mu ntara ya Mwaro, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi b’Uburundi bwababjijwe impamvu abasirikare bashika 600 batarataha mu Burundi kandi ikiringo bahawe co kuva Somalia carenganye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Floribert Biyereke, yemeje ko abo basirikare 600 b’abarundi basigaye muri Somalia bagiye gutahuka vuba.

Biyereke yasiguye kandi impamvu abo basirikare b’Abarundi barenegeje isango bari bahawe n’Ubumwe bwa Afrika ya 28 Ruhuhuma 2019.

“Abasirikare basigaye muri Somalia ntibariyo ku mpamvu zabo, ahubwo ko babisabwe na Leta ya Somalia kugira batunganye ivyo basabwe mu bijanye n’umutekano”, niko Biyereke yavuze.

Abo basirikare bakaba bimirije gutaha kugira bakwize igitigiri ca 1000 bategetswe n’Ubumwe bwa Afrika mu mugambi wo kugabanya abasirikare muri Somalia mu rwego AMISOM.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply