NEWS

Abashingamateka Bo Mu Runani Amizero y’Abarundi bavuga Ko ‘Badafashwe Neza’.

on

Mu nama yo kwishura ibibazo vy’abashingamateka muri iyi ndwi ku musi wa kabiri itariki 8 Myandagaro 2017 n’Umushikirangaji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, Abashingamateka bo mu Runani amizero y’abarundi baravuze ko “badafashwe neza” hamwe n’abandi bashingamateka bava mu yindi migambwe itavuga rumwe na Leta.

Mu nyishu Umushikiranganji w’intwaro yo hagati yabamenyesheje ati: “ Mukwiye kumenyesha ikintu cose kitaranga ubutungane cibonekeje”.

Pascal Barandagiye, Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu

Abashingamateka bamwe bamwe baridogera uko bafatwa. Bakaba basaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kubafata mu buryo buri ku butungane. Benshi mu bashingamateka bakaba bavuze bati: “Biravyura inkeka iyo abashingamateka babiri bo mu runani Amizero y’Abarundi bicaranye hamwe. Bamwe baramaze gufungwa bagirizwa gukora amanama atemewe n’amategeko. Dushaka kumenya ako karenganyo igituma kahaba”.

Umushikranganji w’intwaro yo hagati ku gihugu, Pascal Barandagiye akaba yamenyesheje ko uwo ari we wese afise uburenganziro bwo kuja muri politike mu Burundi. Ariko akaba yarabibukije ko hari amategeko n’ingingo zigenga imigambwe ya politike akurikizwa. “Uwo ari we wese arafise uburenganzira bwo kuja muri politike ariko itegeko naryo ritegerezwa kwubahirizwa. Ku bashingamateka bafashwe mu buryo butabereye, nashaka kubibutsa ko ata numwe abereye gufatwa nabi. Mwebwe, bwa Bashingamteka, muserukira abanyagihugu. Mutegerezwa kuvuga ikintu cose cabaye cerekana ko habaye ugufatwa nabi”, niko Pascal Barandagiye yabishuye.

Ku vyerekeye ikibazo c’amanama atemewe n’amategeko, Umushingamateka Pierre Celestin Ndikumana yarabajije ikibazo igituma abanywanyi b’Amizero y’abarundi batemerewe gukora amanama. Yarabajije nimba hosubirwamwo amategeko agenga urwo runani. Celestin yamenyesheje ati: “ Ni ibigaragara cane ko Urunani amizero y’Abarundi ruzohava rusanga rwavuye ku rubuga rwa politike. Ntitwemerewe gukora amanama. Hoba hari ivyoshoboka ko duhindura amategeko agenga urunani kugira twemererwe gukora amanama nk’uko abandi bayakora?”.

Inyishu Umushikiranganji w’inntwaro yo hagati yatanze yavuze ko amanama y’Inani za politike yemewe gusa mu gihe c’amatora. Pascal Barandagiye yavuze ati: “Ntakundi, twubahiriza itegeko. Mwese murazi ko Inani za politike zemerewe gukora amanama mu gihe c’amatora. Ku vyerekeye gusubira guhindura amategeko, si ikintu cokorwa ku buryo bworoshe. Ivyo murabizi kuko ari mwebwe mutora amategeko”.

Recommended for you