NEWS

Abashingamateka barasaba ko hoba amasezerano n’ibihugu vyakira abagiye kurondera akazi

By

on

Mu bibazo abashingamateka bariko barabaza abashikirangaji batatu kur’uyu wa kane, abashingamateka barasavye ko Uburundi bwotera umukono ku masezerano yo gukorana n’ibindi bihugu mu ntumbero yo kworohereza urwaruka rurondera akazi kuja mur’ivyo bihugu bitagoranye. Ivyo ngo biva ku rwaruka rwinshi ruguma rusohoka mu mashure rutaronka akazi.

Abashingamateka baravuze ko benshi mu rwaruka baja mu gihugu ca Zambie, Afrike du Sud no mu bihugu vy’abarabu ariko hari abapfira mw’ibarabara n’abandi bafatwa nabi mu gihe bashitse mur’ivyo bihugu. Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati no gukundisha igihugu, Pascal Barandagiye, yamenyesheje ko ico kibazo kizwi ariko babaye barahagarika urwo ruja n’uruza kuko rwakorwa mu kinyegero abashitseyo nabo bagafatwa nabi.

Umushikiranganji Pascal Barandagiye asaba abashingamateka kuzohamagara umushikiranganji w’Imigenderanire kugira bategure neza amategeko ajanye n’izo ngendo z’abagiye kurondera akazi. Abashingamateka barashikirije kandi ko bamaze kubona ibihugu bibanyi bimaze kugira amasezerano n’ibindi bihugu kugira bahane abaja kurondera akazi bongere bakingirwe n’amategeko.

Recommended for you