NEWS

Abashingamateka ba EAC basaba Ubumwe bwa Buraya gukura ibihano ku Burundi.

on

Abashingamateka b’Inama nshingamateka ya EAC (East African Legislative Assembly)basavye Ubumwe bwa Buraya gukura ibihano bwafatiye igihugu c’Uburundi.

Umushingamateka wa EALA akomoka muri Kenya yamenyesheje ko ibihano Ubumwe bwa Buraya vyafatiye Uburundi kuva mu mwaka wa 2015 ari uburyo bwo kubandanya ‘ubukoloni bwa none’.

Uyo mushingamateka yabwiye ikinyamakuru co muri Tanzania, the Citizen ati: “Ibihano vyafatiwe Uburundi ntivyumvikana kubera bishingiye ku mpamvu zidafadika. Uburundi nk’ikindi gihugu gikwiye kugira ubwigenge bwaco”.

Abashingamateka ba EALA bakaba batangazwa n’uko EAC yagumye ihoze aho guhagarukira Ubumwe bwa Buaraya ngo bukureho ibihano bwafatiye Uburundi kuva mu mwaka wa 2015.

Abo bashingamateka bakaba bamenyesheje ko ibihano Ubumwe bwa Buraya bwafatiye Uburundi biriko bituma kimwe mu bihugu vya EAC gihungabana mu bijanye n’ubutunzi.

Abo bashingamateka b’Inama nshingamateka ya EAC bakaba basaba Ubumwe bwa Buraya gukuraho vyihuta ata kirinze gusabwa ibihanao vyafatiwe Uburundi.

Recommended for you