Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi bamenyesha ko baronka ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe atandukanye aharanira agateka ka zina muntu bivuga ko ubutungane bw’uburundi butigenga. Umushikiranganji w’ubutungane nawe ati abatanga ivyo vyegeranyo ni ababa bafise intumbero yo gucafuza igihugu. Abo baserukira ibihugu vyabo babishikirije mu nama uwo mushikiranganji yagiranye nabo kuri uyu wa mbere.
Nk’uwuserukira Leta Zunze ubumwe za Amerika yavuze ko bimaze kugaragara ko hari amasentare n’bacamanza bakoreshwa n’abantu bo hejuru bahambaye mu gihugu, cane cane hibonekeje ibikorwa vyo kutubahiriza agateka ka zina muntu .Uwo aserukira Amerika mu Burundi agashaka kumenya ico bategekanya gukora kugira bace imanza ataho begamiye.
Kuri ivyo, Umushikiranganji w’ubutungane yabishuye ko ubutungane bw’uburundi bwigenga mu gutunganiriza ababwitura bose. Domine Banyankimbona akavuga ko abandika ivyo vyegeranyo ari abafise intumbero yo gucafuza Leta y’uburundi.
Tubibutseko mu mwaka uheze mu kwezi kwa Mukakaro, Umukuru w’igihugu c’uburundi, Varisito Ndayishimiye nawene yagirije urwego rw’ubutungane ko rutigenga na gato. Ari navyo kubwiwe, bituma igihugu kiguma gisubira inyuma ntigitera imbere aho abanyamitahe mvamakungu badaheza bahurumbire kuzana imitahe mu gihugu c’uburundi kubera baziko ata butungane buhari bwigenga bwobatunganiriza hamwe imari zabo zigize ikibazo.