NEWS

Abaserukira Abarundi basavye ko Reta y’Uburundi yokwitwarira ONU mu butungane

By

on

Bamwe mu bashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bariyamiriza icegeranyo cashikirijwe n’abahinga ba ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi. Mu bikorwa vyabaye kuri uwu wa kabiri, inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoraniye hamwe mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abo baserukira abanyagihugu bavuze ko ico cegeranyo ca ONU cuzuyemwo ibinyoma.

Umwe muri abo bashingamateka, Martin NINTERETSE yamenyesheje mbere ko ico cegeranyo ca ONU kigamije gutyoza ubutegetsi bw’Uburundi, kandi ko n’abacanditse babitumwe n’abakoroni. Uwo mushingamateka mbere araja kure akavuga ko abakoze ico cegeranyo bagamije gutanguza intambara mu Burundi.

Muri ico cegeranyo, abahinga ba ONU bamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe nyene ubwiwe akwiragiza kandi akoresha imvugo zicanishamwo Abarundi. Umushingamateka Martin NINTERETSE yavyamiriye kure

“Jewe ico nabonye n’uko ico bagamije ari ukwambika iceyi umukuru w’igihugu cacu tuzi akunda Abarundi n’Uburundi. Uriko uravuga rero ko ariwe abiba inzankano mu Burundi? Abo ni babandi bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2020 ariko biranka, bakaba bariko babandanya wa mugambi wabo. Nta kuri na kumwe kurimwo, nta gaciro twoha abakoze ico cegeranyo.”

Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, asanzwe yari umutumirwa aho mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe yamenyesheje ko afise icipfuzo c’ukwo Reta y’Uburundi yokwitwara mu masentare mpuzamakungu, kubera ico cegeranyo.

Naho bamwe mu bashingamateka biyamirije ico cegeranyo, umwe muribo, RWASA Agathon yasavye ahubwo Reta y’Uburundi ko yokwitondera ibivugwa muri ico cegeranyo, bigakosorwa kuruta kuvyiyamiriza. Kubw’uwo cegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, mu gihugu c’Uburundi habandanya kuvugwa ikibazo c’ukutihanganirana hagati y’abatavuga rumwe muri poritike, abantu bicwa hamwe n’ababurirwa irengero.

Recommended for you