NEWS

Abasenyeri Ba Katolika 34 bandikiye Papa Francis ko ‘batanze imihoho’.

on

Mu bibazo bihanze idini katolika kuri bino bihe, hariho ikibazo kijanye no kwonona mu vy’igitsina(Abus sexuel canke Sexual abuse) abana vyagirizwa abasenyeri n’abapatiri bo mw’idini katolika.

Mu gihugu ca Chili muri Amerika y’Epfo, kubera ivyo vyagirizi bisa n’ivyegekwa ku basenyeri benshi, abashika ku 34 baciye bahitamwo kwandikira Shebuja wabo Papa Francis ko ‘bahisemwo gutanga imihoho’ ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Ivyo vyashitse inyuma y’aho bigaragariye ko ivyo vyaha vyakozwe muri Chili mw’idini rya katolika ‘vyari vyagizwe ibanga’ maze Papa Francis amenyesha ko “habaye ugufata ibintu minenerwe bikomeye“, nk’uko France24 ibimenyesha. Iyo ngingo kandi yo gutanga imihoho kw’abo basenyeri ba katolika vyaje inyuma y’aho Papa Francis abagirije ku mugaragaro ayo makosa, maze nabo baremera amakosa hama bongera basaba n’imbabazi abahohotewe no kuriha ivyononekaye.

Abanayagihigu bamwe bamwe bo muri Chili bononywe n’abo basenyeri bakaba basaba umwungere mukuru wabo, Papa Francis kwitaho ico kibazo maze abagiriza bacirwe urubanza bongere bashumbushe abahohotewe.

Recommended for you