Abarwanyi bagera kuri cumi na batatu bavuga ikinyarwanda barapfungiwe mu biro vy-iperereza biri I Bujumbura inyuma yaho bafatiwe n-igisirikare gikorera mu ntara ya Cibitoke mu makomine ya Mabayi na Bukinanyana. Bakaba badodoberejwe n-abanyagihugu bo mw-ayo ma komine.
Nkuko tubisoma mu kinyamakuru Sos Medias Burundi, Abo barwanyi igihe bafatwa vyaboneka ko bakomeretse cane inyuma y-intambara zabahuje n-abasirikare mw-ishamba cimeza rya Kibira ku misi ya gatatu na kane y-indwi iheze. Ibiziga vy-abantu bigera kuri bine vyaratowe hafi yaho abo barwanyi bari binyegeje, ivyo biziga bikaba vyiyongeye ku bigera kuri bitanu vyaheruka gutorwa muri komine Bukinanyana muri gace ka Ruhembe.
Kugeza ubu, igendereza canke igisirikare c-uburundi ntibaragira ico batangaje kw-ayo makuru y-abo barwanyi bafashwe ndetse ntawuramenya ko boba bagiye guca batwangwa kuri Leta y-urwanda nkuko ico gihugu c-urwanda caheruka kubikora mu guha Leta y-uburundi abarwanyi cumi n-icenda b-umuhari RED-TABARA bari bafatiwe k-ubutaka bw-ico gihugu kibanyi.
Tubibutse ko igisirikare c-urwanda cagumye cagiriza incuro nyishi igisirikare c-uburundi ko gicumbikiyendetse kigahishira abo barwanyi ariko igisirikare c-uburundi kikabihakana. Ubuherutse , umushikiraganji wo kwivuna abansi n-ukwitaho abahoze ku rugamba yashikirije ati: ˮnta barwanyi b-abanyarwanda bari ku gataka k-uburundi‟