NEWS

Abarwanyi bavuye mu Rwanda bakoze igitero mu Burundi

By

on

Abantu babiri nibo bitavye Imana, uwundi umwe arakomereka mu gitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro ku rugo rw’uwitwa Ernest NDAYISENGA ruri ku musozi Camakombe, komine Mugina, intara ya Cibitoke.

Mu giporisi c’Uburundi bemeza ko ico gitero cakozwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho baje bava mu Rwanda bongera basubirayo bahejeje kugandagura abo bantu.

Abaguye muri ico gitero ni Esperance, umupfasoni wa nyene urwo rugo rwatewe, hamwe n’umwana w’imyaka 13 yari yaraye muri uwo muryango.

Uwundi muntu umwe yarakomeretse, uwo nawe akaba ari umwana w’imyaka ibiri, wa nyene urwo rugo rwatewe.

Ico gitero cakozwe mu ntara ya Cibitoke kuri uwu w’Imana kije gikurikira icaheruka kubera ku musozi Ruhagarika, cahitanye abantu barenga 20, mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka turimwo.

Recommended for you