Innocent Ngendakuriyo batazira NZARABU yitavye Imana mu gitero cabereye mw’ishamba rya Rukoko, mw’ijoro ry’ejo ku munsi w’Imana. NZARABU yagandaguwe mu gihe yaheruka gutoroka ibohero rya Rumonge kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2012, aho yari apfungiwe yagirizwa ubwicanyi bw’abantu barenga mirongo ine mu Gatumba, ku kabare “Les Amis”.
Innocent Ngendakuriyo “NZARABU”, bivugwa ko yaguye mu gitero mu Rukoko
Abantu bitwaje ibirwanisho barateye mw’ishamba rya Rukoko, mu karere kegereye i Kiriba. Amakuru ava aho habereye ico gitero amenyesha ko abo bitwaje ibirwanisho bavuga ko ari aba FNL baje bava muri Congo, batera ikirindiro c’abasirikare. Batatu muri abo barwanyi baciye bahasiga ubuzima, muribo bikavugwa ko harimwo Innocent Ngendakuriyo batazira NZARABU. Biravurwa kandi ko hoba hari n’abasirikare baguye muri ico gitero, n’aho igitigiri kitaramenyekana.
Mu gisirikare c’Uburundi, biciye ku muvugizi w’igirikare Colonel Gaspard Baratuza baremeza ayo makuru y’ico gitero hamwe n’urupfu rwa NZARABU.
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi
Innocent Ngendakuriyo “NZARABU” yagirijwe ko ariwe yateguye, yongera ashira mu ngiro umugambi wo kwica abantu barenga mirongo ine bagandaguriwe mu Gatumba, mu kabare aho bariko bivuna akanyota. Amaze gushikanwa mw’ibohero mu Rumonge intara ya Bururi, NZARABU yarashize ahabona amazina y’abo yavuga ko aribo bamutumye kwica abo bantu, muribo hakaba harimwo abategetsi bakomeye bo mu rwego rw’igendereza mu Burundi. Vyavugwa ko abo bategetsi boba bamuhaye igikorwa co kugandagura abo bantu, kugira bice vyegekwa mw’irementanya ku batavuga rumwe na Reta. Yasavye ko abo yagiriza borengutswa bakabumviriza. Ntivyatevye haciye havugwa amakuru ko uwo NZARABU yatorotse ibohero ryo mu Rumonge.
Itoroka rya Innocent Ngendakuriyo “Nzarabu”, icagiriji gikomeye, akaba n’umwe mu bakoze ubwicanyi bw’abantu 39 bwabereye mu Gatumba mu mwaka w’2011 ryarateye impari zitari nke. Abatavuga rumwe na Reta babona ko yatorokeshejwe kuko yari atanguye gushira ahabona amazina y’abategetsi yagiriza ko aribo bamutumye gukora ubwo bwicanyi. Mu ntahe y’icese, NZARABU yadomye urutoke kuri bamwe mu ndongozi z’igiporisi n’igendereza ko bagize uruhara muri ubwo bwicanyi. Yarinze atoroka ibohero ryo mu Rumonge abo yagiriza batarengutswa kugira babumvirize. Urupfu rwiwe, hamwe n’abandi babiri baguye mu gitero mu Rukoko, rwamenyekanye kuri uwu wa mbere.