NEWS

Abarwanya Reta muri Congo bashitse ku masezerano akomeye

on

Abarongoye abatavuga rumwe na reta muri RDC bavuga ko bumvikanye n’umugambwe uri ku butegetsi uko bobisikanya ku butegetsi.

Mu Mwumvikano washitsweko bahagarikiwe na Ekleziya Katolika, prezida Joseph Kabila azoguma ku butegetsi gushika mu mpera z’umwaka wa 2017, n’aho ikiringo co kuguma ku butegetsi ciwe carangiye.

Umushikiranganji wa mbere ategerezwa kuva mubatavuga rumwe na reta, kandi uwo mwumvikano uzohagarikirwa n’umukuru w’abatavuga rumwe na reta Etienne Tshisekedi.

Prezida Joseph Kabira yatwaye ibiringo bibiri nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa shingiro, ariko amatora ntiyabaye ngo haboneke uwumusubirira muri ayo mabanga.

Tshisekedi asaba kugarariza mu mutekano

Ukudashaka kuva ku butegetsi kwa prezida Kabila, vyatumye haba imyiyerekano hirya no hino mu bisagara bikuru bikuru, harimwo n’umugwa mukuru Kinshasa.

Imishamirano hagati y’abari mu myiyerekano n’abajejwe umutekano yabaye ikiringo ca kabiri ca prezida Kabila kikirangira kuva mw’ijoro ryo ku wa mbere itariki 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, yahitanye abantu barenga 30.

Reta iremera ayo masezerano, abatavuga rumwe na yo bavuga ko aza gushirwako umukono uyu musi ku wa gatanu.

SRC : BBC

Recommended for you