NEWS

Abarundi icenda bahora bapfungiwe muri Tanzaniya bashitse mu Burundi

By

on

Abarundi bagera kw’icenda bari bapfungiwe mu gihugu ca Tanzaniya bashitse mu Burundi, bakaba binjiriye muri komine ya Mabanda, ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya. Abo barundi bari bamaze amezi arenga abiri bapfunzwe.

Bamwe muri abo barundi bashikanwe mu gihugu c’Uburundi bavuga ko bari bagiye muri ico gihugu ca Tanzaniya kurondera akazi, bakavuga kandi ko n’amafaranga yabo bari bakoreye yibwe.

Abo barundi babandanya bavuga ko kandi barenganijwe, kuko abakoresha babo bahengera hageze ko bahembwa, bagaca babahamagarira abaporisi babagiriza ko binjiye mu gihugu ca Tanzaniya mu kinyegero.

Abirukanwe basaba Reta y’Uburundi ko yobafasha kugarukana ivyabo vyibwe. Abo icenda bava mu ntara za Kayanza, Gitega, Karusi hamwe na Ngozi.

Recommended for you