NEWS

Abarundi hafi 600 bahungutse mu mugambi wo kubahungura bose

on

Abarundi bashika 600 bahungutse mu mugambi wo kubahungura bose wasinywe hagati ya Leta ya Tanzania n’Uburundi mu kwezi guheze.

Impunzi z’Abarundi zishika ku 590 zarahungutse ejo ku musi wa kane bashikira mu ntara ya Ruyigi aho bakirirwa ,muri commune Gisuru muri zone Nyabitare.

Uwujejwe guhungura impunzi yamenyesheje ko Abarundi batanguye guhungurwa bava muri Tanzania ejo ku musi wa kane kandi ko bizobandanya.

Akaba kandi yamenyesheje ko ata guhungurwa ku nguvu nk’uko bamwe bavyibaza ahubwo ako uguhungura ku nguvu biraba gusa abarundi bashika ku 15 000 baba mu makambi y’impunzi muri Tanzania batanditswe muri HCR.

Igihugu ca Tanzania naco nyene camenyesheje ko uguhunguka ari ku bushake, maze kimenyesha ko ciyemeje kwubahiriza amategeko agenga ihungurwa ry’impunzi kuva mu mwaka wa 1951.

Ivyo bishitse inyuma y’aho habaye ugusa n’ukutumvikana hagati ya HCR na Tanzania n’Uburundi ku kuntu impunzi z’Abarundi zohungurwa.

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yagumye asaba Tanzania n’Uburubdi ko impunzi zohungurwa ku bushake nk’uko amategeko agenga impunzi abivuga

 

Recommended for you