Abarundi bipfuza kuja gukora akazi ko mu nzu mu gihugu ca Arabiya Saudite bagiye kurungikwa bizwi na Leta y’uburundi. Bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Albert Shingiro hari igihe yarahejeje gushikiriza mu nama nkenguzamateka uwo mugambi wo kurungika abakozi bipfuza gukora ubuzi bwo mu nzu muri Arabiya Saudite.
Tubamenyeshe ko kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2022, inama nshingamateka yaheruka gukorana kugira yige integuro rigenga amasezerano ajanye no guhanahana abakozi bo mu nzu hagati y’igihugu c’uburundi n’igihugu ca Arabiya Saudite. Uwari yaserukiye Leta , umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yamenyesheje yuko ico Leta y’uburundi yipfuza ari uko abakozi bokworohererwa , ndetse bakabona inyungu muri ako kazi ariko kandi bakinjiza amahera y’agaciro maze bikagaruka gufasha mw’iterambere ry’igihugu.
Inyuma yo kwiga uwo mugambi warungitswe na Leta mu nama nkenguzamateka , Inama nkenguzamateka y’uburundi yahavuye iwemeza ijana kw’ijana.