Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAbarundi bifise bagizwe n-abategetsi bo hejuru baricandagishije Covid-19 muri Ambasade ya Kenya...

Abarundi bifise bagizwe n-abategetsi bo hejuru baricandagishije Covid-19 muri Ambasade ya Kenya mu Burundi.

Kuri uyu wa kane, ubuserukizi bw-igihugu ca Kenya mu Burundi bwaracandaze abantu  bo mw-ico gihugu basanzwe baba i Bujumbura.  Abanyagihugu bava muri Afrika y-uburengero baba I Bujumbura hamwe n-abarundi basanzwe bifise bagizwe n-abategetsi, abarwizatunga hamwe n-abihebeye Imana baciye bihutira mw-ubwo buserukizi gusaba ko nabone bocandarwa Covid-19.AstraZeneca, Janssen... L'Afrique "dans une impasse" pour son  approvisionnement en vaccins - L'Express

Nk-uko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi,  Ababibonye bavuga ko abarwizatunga , ibihangange mu gisirikare no mu gipolisi , abihebeye Imana  bagizwe ahanini n-abaporoti baguma bagira uruja n-uruza ku buserukizi bw-igihugu ca Kenya mu Burundi gushika isaha icenda zo kuri uyu wa kane.

ˮTwaratangajwe n-uruja n-uruza rutamenyerewe rw-amamodokari y-agaciro . zimwe zari zifise imparati z-igisirikare hamwe n-igipolisi, izindi zari zifise imparati za Leta y-uburundi.Tumaze kurondera kumenya iyo ziriko ziraja, twahavuye tumenya ko ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi bwariko buratanga incanco zo gukinga umugera w-ikiza ca corona.Hari imodokari nyishi, abantu baza ku bwinshi‟  Niko ababibonye bavuga.

Abacandazwe bemera ko bahawe urucanco rwitwa ˮjohnson Johnson‟ . ˮico wasabwa kwari ukwerekana ikarangamuntu yawe canke igitabo cinzira, maze bagaca bagucandaga‟ Niko bashinga intahe.

Abarundi batari bake bamaze kumenya ayo makuru bamenyesha ko batewe ubwoba n-inyifato y-abategetsi b-uburundi basuzugura urucanco rwa Covid-19 ndetse bakanabuza abarundi kwicandagisha mu gihe imiryango yifise iriko irabikora canke yamaze kwicandagisha kera.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...