Kuri uyu wa kane, ubuserukizi bw-igihugu ca Kenya mu Burundi bwaracandaze abantu bo mw-ico gihugu basanzwe baba i Bujumbura. Abanyagihugu bava muri Afrika y-uburengero baba I Bujumbura hamwe n-abarundi basanzwe bifise bagizwe n-abategetsi, abarwizatunga hamwe n-abihebeye Imana baciye bihutira mw-ubwo buserukizi gusaba ko nabone bocandarwa Covid-19.
Nk-uko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Ababibonye bavuga ko abarwizatunga , ibihangange mu gisirikare no mu gipolisi , abihebeye Imana bagizwe ahanini n-abaporoti baguma bagira uruja n-uruza ku buserukizi bw-igihugu ca Kenya mu Burundi gushika isaha icenda zo kuri uyu wa kane.
ˮTwaratangajwe n-uruja n-uruza rutamenyerewe rw-amamodokari y-agaciro . zimwe zari zifise imparati z-igisirikare hamwe n-igipolisi, izindi zari zifise imparati za Leta y-uburundi.Tumaze kurondera kumenya iyo ziriko ziraja, twahavuye tumenya ko ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi bwariko buratanga incanco zo gukinga umugera w-ikiza ca corona.Hari imodokari nyishi, abantu baza ku bwinshi‟ Niko ababibonye bavuga.
Abacandazwe bemera ko bahawe urucanco rwitwa ˮjohnson Johnson‟ . ˮico wasabwa kwari ukwerekana ikarangamuntu yawe canke igitabo c–inzira, maze bagaca bagucandaga‟ Niko bashinga intahe.
Abarundi batari bake bamaze kumenya ayo makuru bamenyesha ko batewe ubwoba n-inyifato y-abategetsi b-uburundi basuzugura urucanco rwa Covid-19 ndetse bakanabuza abarundi kwicandagisha mu gihe imiryango yifise iriko irabikora canke yamaze kwicandagisha kera.