NEWS

Abarundi bashika ku 335 bahungutse bava Tanzania.

on

Kuri uyu musi wa kane igenekerezo rya 07 Ruhuhuma 2019, hari impunzi z’Abarundi zishika ku 335 zahungutse ziva mu gihugu ca Tanzania cari kibahaye indaro.

Izo mpunzi zikaba zahungutse ziva mu makambi ya Nduta na Mtendeli maze zishikira mu ntara ya Ruyigi muri komine Gisuru.

Abo bahungutse bari bagizwe n’iiryango 107 harimwo abigitsina-gabo 175 na 160 b’igitsina-gore.

Abo bahungutse bakaba bava mu ntara za Ruyingi 153 na Cankuzo 182.

Mu gihugu ca Tanzania hariyo impunzi z’Abarundi zishika ku 300 000 naho leta y’Uburundi ivuga ko ico gitigiri atari nk’uko kimenyeshwa a HCR.

Recommended for you