NEWS

Abarundi bashika imilioni 7,2 baragwaye malariya

By

on

Ivyo bivugwa n’iradiyo RFI y’abafaransa aho ivuga ko ivyo biharuro arivyo mu kwezi kw’icumi gusa. Mukibuka ko abarundi bangana ubu imiliyoni 11,5. Iyo radiyo nayo ikavuga ko leta yanse kuvugira hejuru ko malariya yabaye ikiza.

Iradiyo RFI ikavuga ko malariya yabaye ikiza kuva umwaka ugitangura kandi ko itarota ihagarika gufata abenegihugu. RFI ikavuga ko ivyo biharuro biva m’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ari ivyo biharuro bidashirwa hejuru kuvaho malariya itanguriye kugwira mu kwezi k’umunani.

Abantu rero bashika imiliyoni 5,7 n’abandi bapfuye bashika 1800 bivuye kuri malariya baribonekeje mu kwezi k’umunani uyu mwaka. Abo bantu bagiye kwiyongera bashika imiliyoni 7,2 murabi ibihumbi 2757 barahitanywe niyo ngwara mu mezi abiri yakurikiye. Ishirahamwe mpuzamakungu OMS rikaba ryemeza ko Uburundi bwatevye kuvugako malariya ari ikiza, nkuko bivugwa niyo radiyo RFI.

Ariko ivyo biharuro bikaba bibeshuzwa n’abashigikiye ubutegetsi bw’i Gitega aho bavuga kw’ivyo biharuro ari gushikuza kandi biza biha isura mbi igihugu.

Recommended for you