Abarundi barenga ibihumbi amajana atatu baracari mu bihugu bahungiyemwo vyo mu mugabane wa Afrika. Mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi, HCR casohowe kuri uyu wa kane Rusama 2022, ryerekana ko umurindi w’abarundi bahunguka muri uyu mwaka wa 2022 utera ugabanuka ugereranije no mu mwaka uheze wa 2021
Kuva uyu mwaka utanguye gushika kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2022, Ishirahamwe HCR rivuga ko ryafashije gutaha impunzi z’abarundi zingana ibihumbi bine n’amajana icenda na mirongo indwi. Ni hafi igice c’abarundi bahungutse mu kwezi kwa gatatu ko mu mwaka uheze. Mu cegeranyo cayo, HCR yerekana ko mu mwaka wa 2021 mu kwezi kwa Ruhuhuma , hahungutse abarundi barenga ibihumbi bitandatu , nayo mu kwezi kwa mbere hahunguka abababa ibihumbi bitanu. HCR rero mw’ico cegeranyo cayo, yerekana ko mu buhungiro hasigayeyo abarundi bangana ibihumbi amajana abiri na mirongo itandatu n’umwe n’amajana atanu na mirongo icenda na batanu , abo ariko HCR ivuga ko ari abari mu bihugu vya Congo, Urwanda, Uganda na Tanzaniya. Abandi bangana ibihumbi mirongo itandatu n’amajana abiri na mirongo ine na batatu , HCR yerekana ko ari abari mu bihugu biri kure y’uburundi nka :Kenya, Malawi, Afrika y’Epfo , Mozambike na Zambiya.
Igihugu ca Tanzaniya kikaba ari ica mbere gicumbikiye impunzi nyishi z’abarundi , yonyene ikaba icumbikiye abarundi bangana ibihumbi ijana na mirongo ibiri n’indwi n’icenda. Urwanda rukaba ari urwa kabiri rucumbikiye impunzi zingana ibihumbi mirongo ine n’umunani n’ijana na mirongo umunani na bitatu, Igihugu ca gatatu kikaba ari Uganda aho gicumbikiye abababa ibihumbi mirongo ine na bine hamwe rero na Congo icumbikiye abababa ibihumbi mirongo ine na bitatu.