NEWS

Abarundi bane mu bafashwe mu murwi RNC urwanya leta ya Kagame

on

Mw’isekeza ririko rikorwa na leta ya Paul Kagame mu Rwanda ryo gufata abatavuga rumwe nawe rirabadanya.

Inyuma yo guhagarika uwiyita Sankara(Callixte Nsabimana) uwavuga ko azoruhuka atembagaje ubutegetsi bwa Paul Kagame, ubu naho umuhari RNC urahagurukiwe cane na leta ya kagame.

Abatari bake muri RNC barafashwe  muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo maze bashikirizwa ubutungane bw’Urwanda i Kigali.

Ikinyamakuru cegereye cane ubutegetsi bwa Paul Kagame kivuga ko mu bafashwe harimwo Abarundi bane, umunya malawi umwe hamwe n’abaganada 3 muri 25 bose hamwe bafatiwe muri Kongo.

Ico kinyamakuru kikabandanya kivuga ka Abarundi bane bafashwe ari Jean Minani, w’imyaka 37 yavukiye mu ntara ya Kayanza yakora akazi ko kwubaka, uwundi akaba Jean Marie Nsabimana, afise imyaka 28 avuka mu ntara ya Cibitoki.

Abandi babiri ni Janvier Nsengiyumva afise imyaka 42 avuka mu ntara ya Muramvya, hama uwundi ni Jean De Dieu Ndirariha, afise imyaka 23 uwuvugwa ko yahora yiga mu mashure yisumbuye maze ahamvya uwo murwi wa  RNC urwanya leta ya Paul Kagame.

Mwomenya ko igisirikare ca Kongo giheruka kwica umukuru w’uwundi muhari urwanye leta ya Kagame ariwe Mudacumura yatwara FDLR.

 

Recommended for you