NEWS

Abarundi bake bake barabandanya bahunguka bava Tanzania.

on

Mu gihe hari umugambi hagati ya Tanzania, Uburundi na HCR ku gutahukana impunzi z’Abarundi zirenga 300  000 zikiri hanze y’Uburundi, abarundi bake bake baravandanya gutahuka mu gihugcu ‘amabukiro.

Abarundi bashika 397 bagizwe n’imiryango 127 barakiriwe bahungutse k’urubibe igihugu c’Uburundi gihana n’igihugu ca Tanzaniya ahitwa ku Mugina muri komine Mabanda intara ya Makamba bavuye mw’ikambi ya Nyarugusu, Nduta na Mtendeli muri Tanzaniya.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, amenyeshako mu nkambi y’i Nyarugusu yavuyemwo imiryango 73 igizwe n’abantu n’abagabo 111 n’abagore 130,inkambi ya Nduta nayo yavuyemwo imiryango 38 igizwe n’abagabo 53 n’abagore 67 mu gihe inkambi ya Mtendeli yavuyemwo imiryango 16 igizwe n’abagabo 19 hamwe n’abagore 20, nk’uko amakuru abishira ahabona.

Abo bantu bahungutse abangana 252 bava mu ntara ya Makamba,70 nabo arabo mu ntara ya Bururi mu gihe abanshika 75 nabo bava mu ntara ya Rutana.

Recommended for you