NEWS

‘Abarundi bahungutse bakeneye imfashanyo yihuta’, niko HCR ivuga.

on

Ishirahamwe rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ryamenyesheje mu cegeranyo cayo ku wa 9 Rusama 2019 ko Abarundi bahunguka bakwiye gufashwa vyihutirwa’.

Catherine Wiesner, aserukira HCR mu karere, yamenyesheje ati: “Turakenyeye imfashanyo zindi mu bagiraneza kugira dufashe kino kibazo[c’impunzi z’Abarundi zihunguka mu Burundi]”.

Muri ico cegeranyo ca HCR, hamenyeshejwe ko Abarundi bahunguka usanga babaho nabi cane kubera kugorwa no gutanguta gushasha ubuzima.

Umurundi umwe aheruka guhunguka yabwiye HCR ati: “Ubu turahanzwe n’inzara”.

HCR ikamenyesha kandi ko izo mpunzi zivuga ko n’udufungurwa zihabwa zihungutse zitamara n’ukwezi.

HCR imenyesha ko izo mpunzi zibwirizwa guca ziraba uko ziraba uko zobaho mu kuja kurimira abandi bafise amatongo kuko bamwe bamwe usanga barayanyazwe.

 

Recommended for you