Leta ya Tanzaniya yahaye ikiringo c’umwaka umwe gusa kugira impunzi z’abarundi zose zahungiye muri ico gihugu zibe zatashe abazobirengako ngo ntibazoroherwa.. Ubwo ni ubutumwa umukomiseri ajejwe igisata c’impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya aha impunzi z’abarundi aho mu rugendo arimwo guhera kuri uyu wa mbere mu makambi y’impunzi .
Umukomiseri ajejwe ibibazo vy’impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya hamwe n’uwuserukira uburundi mu ntara ya Kigoma batanguriye urugendo rwabo mw’ikambi ya Nyarugusu kuri uyu wa mbere. Kuri uyu wa kabiri naho bagiye mw’ikambi ya Nduta. Amakuru aturuka mw’iyo kambi ya Nduta, avuga ko ubutumwa nyamukuru kwari ukubwira impunzi z’abarundi ko bategerezwa guhunguka mbere bakaba bahawe ikiringo c’umwaka umwe gusa ngo babe bavuye ku butaka bwa Tanzaniya.
Nkuko bivurwa n’imwe mu mpunzi yari yitabiriye urugendo rw’abo bategetsi babiri, Uwuserukira uburundi mu ntara ya Kigoma ngo yaragerageje gusigurira izo mpunzi ko mu Burundi hari amahoro ko atumva ukuntu abo barundi boguma bitwa impunzi. Yaragerageje kandi kwerekana ko uburundi bwakuweko ibihano kubwivyo ko ibibazo izo mpunzi zari zahunze mu mwaka wa 2015 vyaheze. Sudi Mwakibasi nawe akaba yarakariye amashirahamwe agifasha impunzi ayabaza intumbero afise nyarirya ngo igihugu c’uburundi kitakiri ku rutonde rw’ibibazo bihanze isi.