Tue. Jan 28th, 2020

Abarundi bahungiye mu Rwanda bagiye kwimurirwa mu bindi bihugu

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko Urwanda rukurikiza ivyo rwiyemeje mu kurinda no kwitaho impunzi, ariko ko ikiboneka mu karere k’ibiyaga binini, ari uko ukwo kuguma kw’impunzi mu gihugu cegeranye n’ico zaturutsemo, bigira ingaruka zikonekeza ku mpande zompi. Ni muri iyo ntumbero Reta y’Urwanda yamenyesheje ko igiye gutangura gukorana n’abo basanzwe bafashanya mu muryango mpuzamakungu, kugira barondere uburyo bw’ukwimurira impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda, mu kindi gihugu.

ref

Umushikiranganji Mushikiwabo Louise yagize ati : “Bijyanye n’impamvu zizwi neza z’umutekano muke mu Burundi no gukomeza kwiyongera kw’impunzi, biteye ikibazo. Binatuma impunzi zihura n’ibibazo bitandukanye baterwa n’abaturuka mu gihugu cyabo, bikabangamira kugerwaho kw’igisubizo kirambye cya politiki. Ku ruhande rw’u Rwanda, ibibazo bikomeje kwiyongera ku mutekano w’igihugu biterwa n’Abarundi, no kutumvikana mu mibanire yacu n’amahanga ntabwo twabyihanganira.”

Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko Urwanda rudashobora kubandanya kwihanganira ibibazo vya poritike bishirwa mu kibazo c’Uburundi.

pri