NEWS

Abarundi babiri bishwe barashwe n’abasirikare b’Urwanda

on

Abantu babiri b’Abarundi bari bashoye intore mu mpisho mu gihugu c’Urwanda bishwe barashwe n’abasirikare b’Urwanda mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu. Abandi indwi bari kumwe n’abo bishwe, ariko bakaba bashoboye guhunga, bariko babazwa n’igiporisi co muri Komine ya Rugombo, mu ntara ya Cibitoke.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ibiziga vy’abo Barundi babiri bishwe, hamwe n’imifuko y’intore bari bafise, vyose vyaciye bijanwa n’abo basirikare b’Urwanda.

arwa

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko abo Barundi bari bajabutse umupaka baja kudandaza intore mu kinyegero mu Rwanda ari icenda bose hamwe, bakaba bajabutse urubibe Uburundi buhana n’Urwanda nk’igihe c’isaha icenda n’iminota 40 z’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu. Bageze aho bita Ku Ruhwa, abo bantu bahagaritswe n’igirikare c’Urwanda, abo basirikare baca barabarasa, bane muribo bariruka bagaruka mu Burundi, hasigarayo batanu, muri abo batanu igirikare c’Urwanda carashemwo uwundi muntu agira kabiri, abasigaye nabo nyene bariruka.

Abo bishwe n’igisirikare c’Urwanda ni NIYONKURU Fidèle w’imyaka 25 hamwe n’uwitwa NYABENDA Jérémie w’imyaka 23 bose bavuka ku musozi muri zone ya Rugombo, intara ya Cibitoke, nk’uko vyemezwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Uwo avugira igiporisi amenyesha ko abo bantu indwi bashoboye kugaruka mu Burundi bariko barumvirizwa n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.