NEWS

Abarundi amajana mu myiyerekano yo kwiyamiriza Icegeranyo ca ONU.

on

Ejo ku musi wa gatandatu, Abarundi amajana baritabiriye akamo ko gukora imyiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo giherka gushirwa ahabona n’abakora amatohoza ku Burundi, icegeranyo ciyamirijwe na leta y’Uburundi imbonankubone.

Iyo myiyerekano ikaba yabaye mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu zindi ntara zo hagati mu gihugu nka Muyinga, Gitega, Bubanza na Ngozi.

Ku musi wa kabiri, leta y’Uburundi ikaba yariyamirije yivuye inyuma ico cegeranyo, maze ivuga ko ico cegeranyo caje gutuma haba ‘akajagari’ muko ibintu vyahora.

Ico cegeranyo kandi nico catumye abakora amatohoza batatu ku Burundi bahabwa itegeko na Leta y’uburundi ryo kudahonyoza ikirenge ku butaka bw’Uburundi.

Ico cegeranyp kikaba caratunze urutoki ahanini umukuru w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, maze kivuga ko ‘akoresha imvugo y’urwanklo mu Burundi’, hamwe nayandi mabi bivugwa muri ico cegeranyo akorwa n’imbonerakure.

Recommended for you