NEWS

Abarundi 7 bafatiwe ku kibuga c’indege ca Kenya bagiye i Oman.

on

Ubuyobozi bujejwe uruja n’uruza mu gihugu ca Kenya bwamenyesheje ko abantu barenga 70 harimwo abarundi bashika indwi bafatiwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Kenya bagomba kuja mu gihugu ca Oman, bakaba bafashwe bafise ivya ngombwa bitari vyo.

Abo bimukira bakaba bashika 71, harimwo abarundi indwi, abaganda 59 n’abatanzania 5.

Ikinyamakuru caho uri Kenya, The Star Kenya, kimenyesha ko abo bimukira bari bavuye mu bihugu vyabo bakoresheje ibisi maze bashika ku kibuga c’indege ca Kenya Jomo Kenyatta International Airport barindiye ko impapuro zabo zinzira zishirwako ikidodo baca barafatwa.

“Turiko tuyaga n’ama ambassade yabo kandi dupanga kubasubiza mu bihugu vyabo vuba bishoboka. Ibihugu vyabo bibwirizwa gutanga amahera yo kubasubiza iwabo”, niko Ubuyobozi bwa Kenya bujejwe uruja n’uruza bwamenyesheje.

Igihugu ca Kenya kiramaze kuba yo nzira ishimwa n’abo bimukira baja mu bihugu vy’abarabu bagiye kurondera ubuzima kubera ko babona ko ubuzima bwanse mu bihugu vyabo bakomokamwo.

Ariko rero, nk’uko bimaze kwihwezwa, naho bahitamwo gufata urwo rugendo rurimwo akaga baja mu bihugu vy’Abarabu nka Oman,abo bimukira benshi usanga bashitse hariya bagirwa abaja, bagakoreshwa ibikorwa vy’umuruho, abagore n’abakobwa bakaba abashumba ba ba Shebuja mu vy’igitsina.

Recommended for you