NEWS

Abarongoye ishure ryisumbuye ry’intara ya Rutana bakuwe mu kazi

By

on

Ubuyobozi bujejwe inyigisho mu ntara ya Rutana bwafashe ingingo y’ugukura mu kazi abajejwe ubuyobozi bw’iryo shure. Abakuwe mu kazi ni umuyobozi w’iryo shure, hamwe n’uwujejwe inyigisho kuri iryo shure (Préfet des études).

Prospère Minani yahora ari umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’intara ya Rutana, hamwe na Emmanuel Nsengiyumva ajejwe inyigisho kuri iryo shure, nibo bakuwe mu kazi, mu matohoza y’ubusuma bwabaye kuri iryo shure, aho imashini nyabwonko 15 (Ordinateurs) zo kuri iryo shure zazimiye (zibwe n’abantu bataramenyekana), haraheze indwi zibiri.

Abo bose bakuwe mu gihe bari basanzwe babarizwa mu gasho ka komine Rutana kuva kuri uwu wa mbere, mu matohoza nyene y’iyibwa z’izo mashini nyabwonko.

Recommended for you