Inyuma yaho umurwi ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi, CVR utangarije imbere y-inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka ko ubwicanyi bwakozwe mu myaka ya 1972 na 1973 ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu, Bamwe mu bacitse kw-icumu m-ubwo bwicanyi barakenguruka cane ko ubu bugiye kwitwa jenoside.
Nkuko tubikesha iradiyo y-abongereza BBC, ihuriro ry-abacitse kw-icumu hamwe n-abakorewe jenoside y-abahutu mu 1972 (Collectif des survivants et victimes du genocide Hutu de 1972) risanzwe rifise icicaro mu gihugu ca Canada risigura ko ryanezerejwe cane no kubona ubwo bwicanyi bugiye kwitwa jenoside yakorewe abahutu . Ariko abazwa nyimba ubwo bwicanyi bwo 1972 buzokwitwa jenoside kandi ONU itaravyemeza, Frederic Nzeyimana arongoye iryo huriro asigura ko uburundi bufise uburenganzira bwose bwo guhana ihonyabwoko atawo burinze kubisaba.
«kumenya ihonyabwoko ko ryemejwe ni ibintu bitatu gusa bikenewe: kwerekana ko ihonyabwoko rikorwa na Leta, ivyo umurwi CVR werekanye kandi neza mu buryo budaharirizwa, ubwa kabiri, ihonyabwoko rikorwa mu buryo biboneka ko ryari riteguwe na CVR yaravyerekanye neza aha twovuga ivy-arya ma liste, ibinogo vyimbwe, bahambwa ahantu hanyegejwe. Ica gatatu, ni ukwerekana yuko hari umurwi w-abantu baba basangiye idini canke ubwoko canke umuryango, akaba aribo baronderwa kandi mu ntumbero yo kubahonya» Niko Frederic Nzeyimana arongoye collectif des survivants et victimes du genocide Hutu de 1972.