NEWS

Abaririmvyi baribuka Canjo Amisi

By

on

Haraciye imyaka 23 umuririmvyi Canjo Amisi yitavye Imana hari kw’igenekerezo rya 6 ndamukiza umwaka w’i 1996 akaba yari yavukiye mu ntara ya Ngozi hari mu 1957. Ashikanye imyaka 20 niho yaja i Bujumbura mw’ihiganwa ry’abaririmvyi ryatunganijwe n’ubushikiranganji bw’imico kama, urwaruka n’inkino. Yaciye atahukana agashimwe ka mbere mu ndirimbo yiwe ‘’Ntacica nk’irungu’’.

Mu mwaka w’i 1978 niho yatunganya igiteramo ciwe cambere mu nyubakwa z’ishure Saint Esprit. Abantu benshi baritavye ico giteramo aho yashoboye kw’injiza amafaranga angana umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Mu mwaka w’i1979 niho yava mu murwi Orchestre National akaja mu murwi Amabano aho yasohoye indirimbo nyinshi harimwo ‘’ Ewe Burundi ngire ndakuririmbe’’. Mu mwaka w’i 1981 niho yatahukana agashimwe k’iradiyo RFI y’abafaransa mu ndirimbo yiwe yashimwe yise ‘’ Sogokuru yari intwari’’.

Mur’uwo mwaka nyene yaratahukanye agashimwe ko mugisagara Dakar muri Senegal mu mwaka w’i 1981. Akaba yararirimbanye n’abaririmvyi n’abacuraranzi bakomeye nka Afrika Nova, Niki Dave, Member n’abandi. Indirimbo ziwe zikaba nubu zifise akanovera kadahera.

Ishirahamwe Femi de Jabat rikaba ryaragendeye kur’uyu wa gatandatu umuryango wa Canjo Amisi mu ntara ya Ngozi aho bemereye umuvyeyi wiwe asigaye ko bazomwubakira inzu ibereye ubuhizi bw’umwana wiwe Canjo Amisi.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.