Umurwi uriko urakora neza cane w’abaririmvyi b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Beez boyz ” ubu baza bahejeje gufata amashusho ya Video y’indirimbo yabo nshasha , ubwo rero muyitege muri benshi kuko mu minsi iri imbere niho izosohoka.
Ivyo rero bikaba vyemezwa numwe mu bahinyanyuzi amaze kugera ku rwego rwo hejuru muguhinyanyura ama Video ( Young PDK ) aho mukiganiro yahaye ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” yavuze ko ino video yaba baririmvyi abarundi boyitega ku bwinshi kuko izaza idasanzwe ndetse ngo izoba ikoranye ubuhinga bwakataraboneka.
Ushobora kuraba amafoto hano munsi y’ukuntu Video izoza imeze.
Abakobwa bazoboneka murino Video nshasha y’umurwi wa Beez Boyz
Imisore igize umurwi wa Beez Boyz
Umuhinyanyuzi amaze kugera ku rwego rwo hejuru muguhinyanyura ama Video ( Young PDK )
Ino nimwe muri Video yatumye bano baririmvyi bamenyekana cane hano muri America, ubwo mwitege iyo yindi nshasha igiye gusohoka kuko nayo ngwizoza imeze neza cane.