Thursday, June 8, 2023
HomeNews Abaririmvyi b'abarundi baba muri America bagiye gushira ahabona video izoza ikozwe...

Abaririmvyi b’abarundi baba muri America bagiye gushira ahabona video izoza ikozwe m’uburyo budasanzwe

Umurwi uriko urakora neza cane w’abaririmvyi b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Beez boyz ” ubu baza bahejeje gufata amashusho ya Video y’indirimbo yabo nshasha , ubwo rero muyitege muri benshi kuko mu minsi iri imbere niho izosohoka.

beez boys 1

Ivyo rero bikaba vyemezwa numwe mu bahinyanyuzi amaze kugera ku rwego rwo hejuru muguhinyanyura ama Video ( Young PDK ) aho mukiganiro yahaye ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” yavuze ko ino video yaba baririmvyi abarundi boyitega ku bwinshi kuko izaza idasanzwe ndetse ngo izoba ikoranye ubuhinga bwakataraboneka.

Ushobora kuraba amafoto hano munsi y’ukuntu Video izoza imeze.

beez 1
Abakobwa bazoboneka murino Video nshasha y’umurwi wa Beez Boyz

beez boys

beez

boys1
Imisore igize umurwi wa Beez Boyz

pdk
Umuhinyanyuzi amaze kugera ku rwego rwo hejuru muguhinyanyura ama Video ( Young PDK )


Ino nimwe muri Video yatumye bano baririmvyi bamenyekana cane hano muri America, ubwo mwitege iyo yindi nshasha igiye gusohoka kuko nayo ngwizoza imeze neza cane.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...