Igiteramo citezwe na benshi kiriko kirategurwa n’abaririmvyi b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe, kirabandanya gutegurwa aho ubu abariko baragitegura bahamagarira abaririmvyi b’abarundi bose baba hano muri America ko bokora ukwo bashoboye bakazohishikira kugirango berekane ubushobozi bwabo bw’umuziki.
Umuririmvyi Mt Number One
Mu minsi iheze amakuru twahabwa hano kukinyamamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” yavuga ko umuririmvyi kugirango aze ahabwe umwanya wo kuririmba ko yotegerezwa kuzoriha ama Dollar 50 ariko ubu nkuko biboneka bisa nkivyahindutse kuko umuririmvyi wese avyipfuza azoririmbira abakunzi biwe ataco arishe.
Mt Number one umwe mubariko baratunganya kino giteramo kizobera mugisagara ca ” Dallas, Texas yagize ati : Igiteramo citiriwe EASTAFRICA UNIT CONCERT kizoba igenekerezo rya 12/27/ 2014 kirabandanya gutangazwa, naho umugambi wo kurihisha abaririmvyi ama $50 ukaba wakuweho, aho umuririmvyi wese ashoboye ahawe ikaze ryo kuzohishikira akereka abanywanyi biwe ivyo ashoboye, abaririmvyi mwese murahawe ikaze kuza kwerekana ibikorwa vyanyu kubuntu. (sekuru windonyi)