NEWS

Abaporisi babiri baraye bishwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere

By

on

Ubwo bwicanyi bukaba bwabereye ku musozi Matara, zone Maramvya, commune Mutimbuzi, province Bujumbura. Abaporisi babiri uwitwa APC Simbagoye Jean na APC Nshimirimana Leonard bari bitavye umugore yarahamagaye ko hanyurujwe umuntu kur’uyo musozi. Abo baporisi baje gutabara niho baraswa n’uwo igipolrisi cise umusuma yongera abatwara inkoho zibiri bari bafise.

Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abantu batanu bamaze gufatwa mur’ubwo bwicanyi harimwo uwo mugore yahamagaye abo baporisi n’uyo yavuga ko yanyurujwe. Uwo yarashe abo baporisi ntarafatwa akaba ariko ararondegwa.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply