NEWS

Abapolisi n’abasirikare boba bafise aho begamiye mu vya Politike?

on

Mu gihe hatunganjijwe na leta y’Uburundi ko hakwiye gutangwa intererano y’amatora ya 2020, hari aho hagera umuntu akibaza ikibazo ko abategetsi bari mu nzego z’igisoda canke z’igipolisi boba bakwiye kugira aho begamiye mu vya politike.

Kw’isanamu aho hepfo dukesha Burundi Daily, hariko abategetsi mu gisirikare bakomeye nka Prime Niyongabo( atwara ingabo z’igihugu) na Gabriel Nizigama, hamwe n’abandi bategetsi mu gisoda no mu gipolisi bariko batanga intererano yamatora 26.465.400  FBU muri Bancobu mu ntara ya Muramvya.

Wihweje ibwirizwa shingiro rishasha mu ngingo ya 250 havuga hati: “Nta numwe mu bajejwe umutekano mu bikorwa vyabo bakwiye kugira aho bahengamiye mu vya politike, canke kugira uruhara mu bikorw ivyo arivyo vyose vya politike”.

Nk’Uko Burundi Daily ibishira ahabona, abo bategetsi mu gisirikare no mu gipolisi no mu gisirikare, bose bava muri CNDD-FDD baramaze kwerekana ko umugambwe wabo batawuvirira naho hoza iki.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko n’abandi bategetsi mu gisirikare no mu gipolisi bagiye gukora gutyo mu kwerekana ko bashigikiye cane amatora azotegurwa na leta ya CNDD-FDD mu mwaka wa 2020.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply