NEWS

Abapolisi B’Uburundi Bemerewe Gusaka Mw’ijoro Ata Ruhusha.

on

Inama Nshingamateka y’Uburundi ejo ku musi wa gatatu yaremeje itegeko rituma abapolisi b’Uburundi baronka ububasha bwo gukora umusako mu mazu y’Abantu ata ruhusha kandi umwanya uwo ariwo wose, naho hoba mw’ijoro. Ivyo navyo abanyapolitike batavuga rumwe na leta bakabona ko iyo ngingo ije ‘guhungabanya umwidegemvyo w’abanyagihugu‘.

Aimee Laurentine Kanyana, umushikiranganji w’ubutungane yabwiye abashingamateka ko “iryo tegeko rije kurwanya iterabwoba hamwe n’ayandi mabi nk’ugufata ku nguvu hamwe n’abandtu usanga batunze ibigwanisho mu buryo butermewmee n’amategeko”.

Abapolisi bakazoza barakora imisako mu duce twiketswemwo ubukozi bw’ikibi naho hoba mw’ijotro kubera ko igihugu c’Uburundi naco kidakingiwe n’ibitero vya gatera bwoba, nk’ibitero vya grenasde, niko Aimee Laurentine Kanyana abandanya.

Abapolisi kandi bashobora kandi gukora uwo musako ata numutahe canke uruhusha rwo kubikora, bakire gusa kuba bamenyesheje umushingwamanza mu kumutelefona canke mukumuha ubutumwa muri mesesaje.Hama hagaca hakurikira umutahe wo ‘kurondera ukuri’ muri ivyo kugira biboneke neza, niko Kanyana ammenyesha.

Bikaba kandi vyitezwe ko iyo ngingo niyamara kwemezwa neza n’inama Nkenguzamateka izoha ububasha abapolisi gusaka ama Ordinateurs hamwe no kwihweza ivyo uwikekwa ashira ku mbuga ngurukana bumenyi ziwe. Harategekanijwe kandi ko hazoshirwa ama kamera mu mazu canke mu madoka y’abikekwa kugira hihwezwe ibikorwa bibi vyokorwa.

Abashingamateka bamwe bamwe bakaba batabona kumwe iyo ngingo. Agathon Rwasa akamenyesha ati: ” Abapolisi bashobora kuzana ibigwanisho hama bakabishira mu nzu y’uwikekwa. Abo bapolisi bazoca bavuga ko ari ivy’uwikekwa hama ace ahagarikwa”.

Recommended for you