Abapolisi b-uburundi bagiye gusubizwa mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n-umutekano mw-ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Bikaba vyatangajwe kuri uyu wa gatanu n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye igihe yariko yipfuriza umwaka mushasha intwazangabo mu gisirikare , igipolisi hamwe n-iperereza.
Abapolisi b-uburundi bari bahowe ko bahohoteye abarundi bagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Perezida Petero Nkurunziza, hari kuwa 26 Ndamukiza 2015.Mu mwaka w-2016, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaciye rifata ingingo yo gukura butarariye abapolisi b-uburundi bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro n-umutekano mu gihugu ca Centrafrika. Mw-ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Bujumbura mu kibanza ca cercle hippique, Perezida Ndayishimiye yatomoye neza ko abapolisi b-intwazangabo ku rwego rw-abagore aribo bagiye kuzotangurirwako mu gushirwa mw-ivyo bikorwa vy-ishirahamwe mpuzamakungu ONU.