NEWS

Abanywanyi B’Umugambwe MSD Babandanya Bahagarikwa.

By

on

Uwujejwe kwigisha akaranga mutima k’umugambwe MSD( Mouvement pour la Solidarite et la Démocratie) muri Commune Mugongomanga mu Ntara ya Bujumbura ikunzwe kwitwa Bujumburaa rural, Vénérand Habonimana, yarahagaritswe kuri uyu musi wa Kabiri itariki 6 Ruheshi 2017 n’igipolisi. Yaciye atwagwa mu gasho k’igiplosi ko mu Rwibaga, nkuko inkuru ibimenyesha.

Ku musi wa mbere itariki 5 Ruheshi 2017, uyundi munywanyi wa MSD mu gisagara ca Bujumbura, Dieudonné Nsabimana, yarahagaritswe muri zone ya Kamenge muri Commune Ntahangwa.

Ikimenyetso c’Umugambwe MSD

Abandi banywanyi b’umugambwe MSD barishwe ubu haraheze iyinga. Nkuko umuvugizi w’uyo mugambwe Epitace Nshimirimana abimenyesha, kw’itariki 31 za Rusama 2017, Remy Ndagijimana na Leon Bangiricenge boba barishwe n’abakozi b’igendereza SNR. Bari bafungiwe mu Kajaga, ikibanza kitemewe kandi kitazwi n’amategeko, nkuko Epitace Nshimirimana abimenyesha.

Ivyo biri uko mu gihe hariko havugwa amakuru hirya no hino ko Ubutegetsi bw’i bujumbura bwoba bwihaye amezi abiri kugira bube bwakuye Alexis Sinduhije mu Burongozi bwa MSD, hama bugashiraho MSD Nyakuri irongowe n’abantu bazoba bashizweho n’Ubutegetsi.

Recommended for you