Mon. Jan 27th, 2020

Abanywanyi batatu ba PARCEM barekuwe

Abannywanyi batatu b’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje guhamagarira abarundi guhindura ingendo, bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya barekuwe, aho akaba ari mu gihe bari bamaze umwaka urenga mw’ibohero.

Ishirahamwe PARCEM rirashimishwa n’iyezwa ry’abo banywanyi baryo 3 bakorera i Mbuye na Muramvya mu ntarra ya Muramvya.

Faustin Ndikumana arongoye PARCEM aranegura ariko inzira ubutungane bufata gushika aho bugera aho bufata ingingo y’ugupfunga abantu ataco bagirizwa.

Abo banywanyi batatu ba PARCEM bari bahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017, abo nabo akaba ari Emmanuel Nshimirimana, Aimé Constant Gatore hamwe na Marius Nizigama.

Bose bari bafashwe bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, ariko ubutungane bukaba bwafashe ingingo y’ukubeza hamwe n’ukubarekura, inyuma y’umwaka urenga bari mw’ibohero.