NEWS

Abanywanyi ba Rwasa Agathon bariko bahagarikwa cane.

on

Inyuma y’aho umushingamateka, Rwasa Agathon yemerewe guhabwa umugambwe wiwe ku mugaragaro, ubu naho abanywanyi biwe bariko bahagarikwa bafungwa ku murango abandi babona.

Nk’uko inkuru ya Iwacu ibishira ahabona, abo bafatwa bakaba bagirizwa ‘kuba bariko bakora amanama atemewe n’amategeko’. Ariko mu vy’ukuri baba bariko bayaga ku mugambwe wa Rwasa Agathon mushasha.

Abo banywanyi b’umugambwe mushasha wa Rwasa Agathon, CNL(Congres National pour la Liberte) bakaba bahorwa kuba bariko bigina ico bita nk”instinzi’ kuri bo kubona bagiye gukorera ku mugaragaro.

Umushingamateka Simon Bizimungu yatowe mu ntara ya Cibitoki mu runani Amizero y’Abarundi akaba yabwiye Iwacu ko abo banywanyi babo bafatwa ‘bagafungwa borekurwa ata kirinze gusabwa kandi mu maguru mashasha’.

Hari umwe mu banywanyi ba Rwasa yaganiriye na UBM News atashatse kumenyekana mw’izina yatubwiye ko mu gihugu nka cose mu Burundi abanyagihugu bariko bahurumbira umugambwe mushasha wa Rwasa kugira ‘bawugeze barabe ko wokora ibindi bishasha CNDD-FDD itakoze muri iyi myaka 15 imaze itwara Uburundi’.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply